“Bruce, numva nko hari ivyo ndiko ndahomba.” 🇧🇮
- Geoffrey Furaha
- Apr 1
- 2 min read
Bruce, umugenzi wanje wa hafi cane, uwo Imana yakoresheje kugira yongere ikibatsi c’urukundo rwayo mu mutima wanje nkiri umusore, twari dusanzwe tuja aho urwaruka ruri kugira dusangize Ijambo ry’Imana. Ku bw’umugisha w’Imana, jewe na we twabonye imitima myinshi yakira Yesu.
Ndibuka rimwe twagiye kwamamaza ubutumwa mw’ikoraniro ry’urwaruka. Urwaruka rwinshi rwaratuzungurutse. Bruce yatanguye kuvuga, hanyuma ampa ijambo. Nanje navuga, maze nkiri hafi kubura amajambo nkayamusubiza, na we akabigenza gutyo nyene, gushika aho twese ata kindi twari dusigaranye tuvuga.
Muri iryo koraniro, narahindukiye ndamubwira nti:
“Bruce, numva nko hari ivyo ndiko ndahomba.”

Imbere muri jewe hari urugamba ata n’umwe yabona.
Nk’uko Faithful muri Pilgrim’s Progress, amaze gushika ku Musozi w’Ingorane, yahuye n’umugabo yitwa Adam wa Mbere, yamusavye ko yamukorera, kandi ashaka kumuha abakobwa biwe batatu: Ukwipfuza kw’Umubiri, Ukwipfuza kw’Amaso, n’Ubwibone bw’Ubuzima.
Faithful yaratinze gufata ingingo yo kumwanka, ariko yaratahura ko ari umutego, aca aramwankira. Ariko igihe yariko aramuvako, yavuze ati:
“Naramuvuyeko, ariko nkiri guhindukira, yarafashe umubiri wanje ankurura n’inguvu nyinshi cane, ku buryo numvise nk’aho yanyononye akagira igice c’umubiri wanje. Ivyo vyatumye ndataka nti: ‘Ewe jewe, ndi umuntu mubi!’”
Ico Faithful yashaka kuvuga ni uko yumva hari ico abuze.
Mu mutima wiwe, n’aho atabishaka ku mugaragaro, yari yipfuza iyo nsango. Iyo mahirwe yarekeye inyuma yaramugarukako nk’umutwe utema utigera uhagarara. Ubugingo bwiwe bwipfuza gusubira kubironka nk’uwunyotewe amazi.
Mu yandi majambo, yashaka guhaza ivyipfuzo vyiwe vy’umubiri kuruta uko yashaka Imana.
Wari ubizi ko gushika tuzoshika mw’ijuru, uru rugamba ruzobandanya kuri twese?
Ni co gituma Pawulo yavuze ati:
“Tuzinjira mu bwami bw’Imana biciye mu marushwa menshi.” (Ivyakozwe 14:22)
Inzira ijana mw’ijuru irimwo ingorane nyinshi, zituma uwizera yibaza nimba ijuru azoryibonamwo.
Niba mu buzima bwacu tutariko turahangana n’umwansi, dutinye aya majambo ya Charles Spurgeon:
“Igituma satani akureka, ni uko azi ko usanzwe uri uwe.”
Ariko iyo turiko turageragezwa, twihumurize ibi:
Satani ntiyokwirukako iyo atari uko utari uwe.
Inyuma yo kubwira Bruce, yaramfashije ambwira ati:
“Ndabizi… ariko bandanya.”
Ni vyiza kurwanya umugezi uriko uratemba, kuruta gutwarwa na wo.
Sinari nzi ko iyo ntambara yariko irubaka inkomezi muri jewe,
izo na zo zaje guhinduka intahe itanga ivyizigiro ku bandi.
Na wewe uko ni ko ukwizera kwawe kuzofasha abandi.


Comments